Duherutse gushikiriza ko kwitiranya ibintu ari ikibazo mu Burundi. - TopicsExpress



          

Duherutse gushikiriza ko kwitiranya ibintu ari ikibazo mu Burundi. Mugihe twarangije dusaba ko abanyapolitike botega yompi abanyagihugu kuryo bagona bo bene ubutegetsi muri démocratie. Twongera dusaba inzego zumutekano gukorana professionnalisme (ubuhanga nubwitonzi). Gushika ubu benshi ntidutandukanya ishirahamwe canke umugambwe numuntu. Akarorero : muri 2015 ni mutama wacu Nkurunziza canke muri 2015 ni mutama wacu Rwasa, Nyangoma, Sinduhije, Minani, etc. Ikibazo ni: mutama wacu ni iki? Programme yiwe ni iyihe? Kuva muri 2010 havuzwe ururirimbo rumwe ruterwa ngo:... Amatora yaribwe... Amatora yaribwe....amatora yaribwe. Abandi bakitabira ngo: Nkurunziza ntigukeneye 2015! Subiza amaso inyuma turabe iyo myaka itanu ico yaranguwemwo. Umwe wese arabe umwimbu wiwe, hama abwire abarundi nUburundi ati duhe imyaka itanu iri imbere dukore ibi nibi bundi. Turasaba kandi turinginze abo bose biraba ko boreka gusamaza kubitagira inyungu, mukwijijisha(kwiyobagiza) canke mukwitoza iyonza ku biringo canke kuwuzokwitoza mu kibanza iki canke kirya.Tange imigabo nimigambi yanyu, abarundi bo bene ubutegetsi bazihitiramwo programme ibanyura. Biteye agahinda iyo wumva abatavugarumwe na cndd-fdd basaba uwundi mukandida wa 2015. Tenez! Twobifata kubiri, rimwe ni uko bemera kandi bemeje programme nintsinzi ya cndd-fdd muri 2015 ko ari cash. Hari nabongerako ngo basi Nkurunziza azotume agaruka nyuma. Cest une réalité : If you dont beat cndd-fdd, you join it! Kabiri, bibaza uyundi mukandida ko yokoroha gutsinda mu matora twimirije. Ihibambe we! Birashoboka nkuko bidashoboka. Il faut nuancer! Nta murundi atazi ko igihugu gitwarwa numugambwe. Uwutwara wese neza canke nabi, akundwa canke yankwa; umugambwe uba ubifisemwo uruhara runiniya cane. Kuko uwutwara aba yarungitswe gushira mu ngiro programme yumugambwe washize imbere igatsinda izindi programmes ziyindi migambwe. Abibaza ko candidature ifise uruhara mu matora ni ukuraba neza. Nikimenyamenya ni ukuraba ingene ibikorwa vyumugambwe vyitabirirwa. Ingene ingoro zumugambwe zubakwa buri musi. Igihagararo cumugambwe ubwa mbere. Ahubwo kutumviriza abanyagihugu iryo bagona, hari ikintu bita vote de sanction (amatora yo gukomesha) nico muzobona gishobora gushika, kandi mu uburyo bwose bushoboka. Mu kurangiza rero tukagira tuti banyepolitike tange programmes zanyu tuzimenye muri aya mezi basi atanu asigaye, tumenye ico mudutegekaniriza mu myaka 5 iri imbere. Cndd-fdd tsimbatara! Sigurira abanyagihugu bose ntawusigaye inyuma ko imbere ari heza. Imigabo nimigambi ya cndd-fdd izodushikana kwiterambere rirama. Twirinde guta umwanya kubitagira inyungu. SHIRIRA!
Posted on: Tue, 13 Jan 2015 15:00:39 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015