GUHIMBAZA IMYAKA ITATU IRANGIYE IGIHUGU KIRONGOWE N’ABATOWE - TopicsExpress



          

GUHIMBAZA IMYAKA ITATU IRANGIYE IGIHUGU KIRONGOWE N’ABATOWE N’ABENEGIHUGU MU 2010 : IJAMBO RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGUHUGU 26-08-2013 Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi, Tugire amahoro, ubumwe, ibikorwa, iterambere n’ubutungane. 1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yama ituja imbere mw’irangurwa ry’imigambi iteza imbere igihugu cacu. 2. Nkuko mubizi, turamutse duhimbaza imyaka itatu ihaciye abarundi basubiye kurongorwa n’inzego zivuye mu matora yabaye ku mugaragaro no mu mutekano mu mwaka w’2010, kandi akitabwa n’abenegihugu isinzi. Nkako, hari kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro, aho nk’umukuru w’igihugu twashikira amabanga yo kurongora igihugu mu myaka itanu duhejeje gutorwa n’abenegihugu ubwabo, atawe barinze gutuma. 3. Turipfurije abarundi mwese, aho muri hose, umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze muzirikana ko tuwukesha intambwe nziza tugezeko ishigikira intwaro ya demokarasi, aho turongorwa n’abo twitoreye twebwe nyene kuko imigambi yabo yadushimishije, tukabatora biciye mw’ihiganwa cane cane ry’imigambwe, bakoze neza bagashimirwa, batabishoboye bakabogozwa biciye mu matora nyene. 4. Turashima ingene abanyagihugu bitayeho ayo matora, bakabungabunga n’ivyayavuyemwo, naburya na bamwe mu bari basa n’abinuvye ico yashitseko bakaja inyuma y’igihugu bamaze gutahuka ngo bifatanye n’abandi barundi gutegura amatora twimirije yo mu 2015. Turabakeje, kuko babonye ko ata cosumba igihugu c’amavukiro, tukipfuza ko n’abandi bagisigaye hanze bogira nk’uko, bakaza kwifatanya na bene wabo kwubaka no guteza imbere igihugu cacu, kuko igihugu ntikibeshwaho n’amatora gusa. 5. Turakeje kandi amakungu yafashije kugira abanyepolitike basubire ku murongo, babone aho ukuri kuri, bizerane, bizere n’ivyaranze amatora. 6. Turashima kandi ko umutekano wifashe neza mu gihugu cose, abantu bishira bakizana kandi bitaba imirimo yabo ata nkomanzi. Turashimiye abajejwe intwaro, abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane, amakomite y’umutekano n’abanyagihugu bama bitanze, bagakorera hamwe, bagatuza utugwi tw’inkozi z’ikibi n’abandi bagizi ba nabi, ubu igihugu kikaba ari nyabagendwa umwanya wose. 7. Iyo ntambwe ni yo yatumye n’amakungu atwizera, mbere akatwitabaza kugira tuje gufasha kugarukana umutekano aho uba wahungabanye, nko muri Somaliya, Sudani, Côte d’Ivoire, Haïti, ubu tukaba turiko turitegurira no kuja gufasha muri Repubulika centrafricaine, Mali, n’ahandi. Ibikorwa ingabo zacu zirangura birashimwa n’amakungu, bigatuma igihugu cacu kigira izina ryiza mu makungu ; ubu mbere n’abapolisi bimirije kuja gufasha bakaba ari benshi. 8. Duhimbaje kandi uwu musi mukuru mu gihe abarundi benshi bariko batahukana ibibanza vya mbere mu mahiganwa mpuzamakungu, haba mu nkino z’umupira, ubunonotsi, indirimbo, akaranga, n’ibindi, navyo nyene bifasha Uburundi kugira ishusho ryiza mu makungu, tukaba twongeye kubakeza. Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi, 9. Kuri uno musi duhimbaza umwaka ugira gatatu twitorewe n’abenegihugu, twagomba tubamenyeshe ko imigambi twatorewe ibandanya ishirwa mu ngiro hakurikijwe intumbero iri muri wa mugambi w’igihugu wa kabiri wo kurwanya ubukene, wateguwe hisunzwe ingene twipfuza ko igihugu coba kimeze mu mwaka w’i 2025. 10. Mu gushigikira uwo mugambi nyene, tubandanya turangura ibikorwa vy’iterambere rusangi, tukubaka amashure, amavuriro, ibitaro, ibigwati, ingomero z’umuyagankuba, amabarabara, ibibuga vy’inkino, ibiro vy’indongozi, n’ibindi, tutibagiye kugwiza amazi meza mu bisagara no hagati mu gihugu no kugwiza amashirahamwe mu bisata bitandukanye, kugira tugire urunani mu kwijukira ibikorwa n’iterambere birama. 11. Tubandanya kandi duhimiriza abanyagihugu kugarukira ibiterwa njabukamazi bituzanira amafaranga y’agaciro vyari bitanguye gutituka, nk’ikawa n’ipampa, tukabahimiriza kandi kurima ibiterwa mbumbarugo no kworora kijambere, Leta nayo igafasha mu gutanga umwavu w’ikizungu ku giciro kizimbutse, aho umunyagihugu ariha ibice 40% gusa vy’ikiguzi c’umwavu aba aguze, Leta nayo ikamurihira ibice 60%, igatanga kandi inka, impene, ingurube n’inkoko vya kijambere ku buntu. 12. Umugambi wo kworohereza abarwizatunga bashaka kuzana imitahe canke gushinga amashirahamwe urabandanya kandi ugenda neza, ukaba watumye Uburundi buva ku kibanza c’181 ku bihugu 185 vyagizweko amatohoza mu bijanye n’ubutunzi mu mwaka w’i 2011, tugashika ku kibanza c’159 ku bihugu 185 muri uwu mwaka. Mu mwaka w’i 2012 nyene, Uburundi bwabaye ubw’ 7 mu bihugu 10 vyabaye ivyambere mu kworohereza abashaka gushinga imigambi ; mu mwaka w’i 2013 naho buba ubwa 5. Turavye ivyo bibanza tumaze gushikako mu mwanya w’imyaka itatu, biragaragara ko tubandanije uko mu myaka cumi iri imbere, Uburundi buzoba bufise ikibanza ciza muri vyinshi. Ni dukomere rero kuri urwo rugamba. Turakeje abo bose bagize uruhara mu gutunganya ibintu kugira dushike kuri iyo ntambwe. Turashimiye n’abarundi kuko nabo bamaze gutahura ko iterambere ribakomokako rikongera rikabagarukako. Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi, 13. Umugambi wo kunywanisha abarundi urabandanya, tukaba turiko turitegurira gushiraho wa mugwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira, integuro y’ibwirizwa riwugenga ikaba imaze gushika mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ngo zirinonosore, ziryunganire, hanyuma ziryemeze. Tukizera ko, turavye aho imyiteguro yo kuryemeza igeze, bishoboka ko muri uwu mwaka nyene w’i 2013 uhera ryatowe ; uwo mugambi ukaba ariwo usozera urugendo rwo gushira mu ngiro umugambi w’amahoro mu Burundi, twasezeranye mu biganiro vy’amahoro no guhagarika intambara. 14. Mu bijanye no kunywanisha abarundi nyene, turashima ingene umugwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo yatewe n’intambara uriko urarangura imirimo yawo. Birashimishije rero kubona ko n’abatari bwatahure ingene ukora n’ivyo umaze kurangura bamaze kwibonera intumbero nziza yawo kandi irashe yo kurwanya akarenganyo no gufasha abarundi gusubira mu vyo bari baranyazwe. 15. Turashima kandi ko uwo mugwi wateguye amanama yo kwereka abarundi n’amakungu ingene ukora n’ivyo umaze gukora, abitavye izo nama bakabaza ibibazo kandi bakaronka inyishu zitomoye zibashika ku nyota, abatashoboye kuja muri izo nama nabo bakaronka inyishu biciye mu nsamirizi. 16. Turashima kandi intererano y’ivyiyumviro vyagiye biratangwa, bikaba biriko biradufasha mu guhinyanyura ingene uwo mugwi wobandanya ukora ibishimwa, mbere ukarushiriza kwizerwa. Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi, 17. Duheruka gutanguza umugambi wo gutanga inyigisho zo gukunda igihugu ku barundi bose. Nta mugwi n’umwe uzokumirwa : Abajejwe amabanga ahambaye mu ntwaro y’igihugu, abana, urwaruka, abakuze n’abageze mu za bukuru, bose tubahamagariye kwitaba izo nyigisho. Intumbero dufise ni uko abarundi twese twovavanura n’ingeso mbi zisa n’izigomba kwiganza mu Burundi, tukijukira imico myiza yaranga ba sokuru aho hambere hahise. Ico gikorwa kikazokwunganirwa n’inyigisho zijanye no gutsimbataza umutekano, aho herekanwa uruhara rw’umwe umwe wese muri ico gikorwa kiraba imice myinshi y’ubuzima bw’igihugu, maze ntihagire uwigira sindabibazwa canke ngo atererane ibikorwa abandi. Duhamagariye abarundi bose kwitaba izo nyigisho, kugira dukundane kandi dukunde igihugu cacu turi mu mutekano. 18. Turateye akamo abanyagihugu bose ngo bategere akamaro k’ishure shingiro rigiye gutangura muri uwu mwaka w’ishure twimirije w’i 2013-2014, kuko rije mu ntumbero yo guhinyanyura inyigisho mu mice kugira zisunge ibihe tugezemwo, zifatiye ku vy’igihugu gikeneye kandi zigatuma uwuhejeje ashobora kwitunganiriza neza kazoza kiwe n’abiwe. Vyongeye inyigisho zahora zitangwa zari zishaje kandi z’umurengera, zisukiranye. Ntihagire rero abajana nyabahururu ngo babandanye biyumvira ko ishure shingiro ari ishure ryiyadukije, n’ikimenyamenya, ni ryo rikwirikizwa mu bihugu vyinshi na cane cane mu muryango turimwo w’ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko. Mu ncamake, ishure shingiro ni inyishu mu bihe tugezemwo. Turaremesheje abavyeyi n’abanyeshure ko naho mu gice cambere c’umwaka w’ishure bazoriha amafaranga y’ishure, Leta iriko iriga ingene yobaramira ku rugero rushimishije kuva mu ntango z’umwaka w’2014. 19. Turasubiye kandi gutera akamo abanyagihugu bose ngo bagabanye imvyaro, bavyare abo be na Leta bashobora kurera kandi bakaramura neza. 20. Tuboneyeho kandi akaryo ko gutera akamo abarundi ngo bagabanye cane imisi mikuru, bakore imisi mikuru ntirengagizwa gusa, birinde gusesagura, bakoreshe uburyo bubayabaye ku yo bakoze, batarinze kurabira ku bandi. Ibikenewe mu miryango ni vyinshi. Iyo misi mikuru ibaye umurengera, iteza ubukene imiryango mu gutererezwa kwa misi yose, mu gutakaza umwanya no kwama mu kaborerwe, abantu bakahasinzikarira. Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi, 21. Mu gukomeza intwaro ya demokarasi turimwo, tubandanya dutsimbataza umugambi wo kuja inama n’ingingo twatanguye. Mu ntumbero yo kwitegurira amatora, haratunganijwe inama ihuza abaserukira imigambwe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yabereye mu Kayanza, ikaba kandi yagenze neza, aho habonetse intererano z’ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa rigenga amatora. 22. Muri uku kwezi kw’umunani naho, inama rukokoma y’abaserukira abandi mu gisata c’ubutungane yarakoranye i Gitega, nayo nyene igenda neza, ivyiyumviro bitumbereye kwambika umutamana ubutungane biratangwa. 23. Ivyo vyiyumviro vyavuye muri ayo makoraniro yompi biri mu bidufasha kubona ibikenewe guhinyanyura mw’ibwirizwa nshingiro no mu yandi mabwirizwa. Muca mutegera rero ko ivyo vyose bishobora guhinyanyurwa bibanje guca mu nzego zibijejwe. 24. Nkuko rero mumaze kubibona, mu gihe c’amatora havugwa vyinshi, ivyubaka n’ibisambura. Kurya mwamye mwifata mu bihe vy’amatora, kuva agitegurwa gushika arangire, mugatako mukabikora mufatanye mu nda, n’ubu muramirira kure uwo wese yoshaka kubatsitaza, dutegure amatora meza, maze inyuma y’amatora ubuzima bubandanye dufatanye mu nda nkuko twahora, nakare si amatora abeshaho abanyagihugu, ahubwo adufasha kwitunganya neza mu ntwaro. 25. Dusavye abarundi mwese kuba maso ku mitumba, mu makaratiye no mu bisagara, mucungere umutekano, amakomite y’umutekano nayo agume arikanuye kandi abandanye akorana neza n’abajejwe intwaro, abajejwe umutekano n’abajejwe ubutungane. Umutekano, nkuko twama twabishikirije, ni « Karahara mu ruganda ntibacura ». Ni co gituma natwe tudakubita urugohe kuri ico kibazo, twongera tugabisha uwo wese agicutsa agatima ko kuwutoba tumubwira duti : « Cira birarura, ubu turahabona », kandi uwuzorukarisha ruzomumwa, ntawutababajwe n’akahise katumye tubura abacu n’ivyacu, abandi bagahunga. 26. Imbere yo kurangiza, twashaka kubaremesha. Naho hacibonekeza ubukene mu vy’ubutunzi mu gihugu cacu, imbere ni heza, na cane cane ko abarundi tumaze gutahura ko ubukene bushobora guhera twijukiye ibikorwa, tugakoresha ubwenge bwacu n’ubutunzi bwinshi Imana yahaye igihugu cacu, naburya ikibazo c’umuyagankuba ukenewe kugira ducukure ubutare kiriko kiratorerwa inyishu. 27. Nayo mu gisata c’uburimyi n’ubworozi muzi ko kiza imbere ya vyose mu butunzi bw’igihugu cacu, tugiye kuraba ingene hotunganywa vuba inama rukokoma, kugira higwe ingene hogwizwa umwimbu n’ingene ivyimbuwe vyohingurwa, bikabikwa, tugashobora no kubishora mu makungu ata kwicura ko vyohava vyononekara. 28. Twashaka dusozere dukebura abanyagihugu, cane cane abakozi ba Leta, ko naho babirekuriwe n’amategeko, ntibagire ingendo gukora amayegereyegere. Turasubiye mbere kugabisha abozigira batisunze amategeko azigenga, ko tutazokwihanganira kubakura mu kazi tukabasubiriza abagashaka, naburya ari benshi bakarindiriye, kandi tukazoba tubikoze ku neza y’abanyagihugu. Ikibwirwa rero ni icumva, ntihaze habe” iyo menya”, nayo yama iza yaratevye. 29. Turangize iri jambo dusubira gushimira amakungu yama atwitaho, akaba yaragize uruhara rukomeye muri iyi ntambwe ya demokarasi n’iterambere tugezeko. Ntadebukirwe rero, arama atwitaba igihe cose tuzoyitura. 30. Turangije dusubira kwipfuriza abanyagihugu mwese umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze mu kanyamuneza kenshi, murushirizeho kushigikira inzego n’indongozi mwitoreye, muri mu mahoro n’umutekano kandi murangura imigambi y’iterambere. Tugire amahoro, ubumwe, ibikorwa, iterambere n’ubutungane. Imana ibahezagire, Umusi mukuru mwiza mwese.
Posted on: Tue, 27 Aug 2013 16:17:24 +0000

Trending Topics



s="stbody" style="min-height:30px;">
It makes me sad that it is such a fight to dress up my daughter. I

Recently Viewed Topics




© 2015