Iri jambo ni rwawe si iry,uwundi! Yesu yamaze imyaka itatu - TopicsExpress



          

Iri jambo ni rwawe si iry,uwundi! Yesu yamaze imyaka itatu yigisha, agaburira abashonje, akiza abarwaye, yitaho intama ziwe, ariko hashitse igihe yabwirizwa kwikorera umusaraba wiwe akababazwa. Muri ico gihe, amasinzi y,abantu bahora bamukurikira bavuga hozana baciye bamwiruka inyuma bavuga ngo ni abambwe! Ntucike intege murongozi no kubona ukuboko wakijije kugutunze urutoke! Petero yari yemereye Yesu ko naho bose bomuvako wewe azomurwako, ivyo ntivyamubujije kumwihakana gatatu maze inkoko irabika. Abandi bigishwa nabo vyukuri sinzi aho bari bari. Mpora nibaza ico dukurikira mu buzima kenshi bikansiga. Umusi Yesu yanka gukora igitangaza co kugwiza imikate benshi barigiriye hasigara bamwe cumi na babiri. Yesu ati kuki mwebwe mutagiy? Maze Petero arishura ati twokuvako tukaja he Ko ari wewe ufise ijambo ry,ubuzima! Gabura umukate n,ijambo ariko ntutsitare niwabona abashaka umukate aribo benshi kuruta abumviriza ijambo. Mana umpe kudata ubwoko kubera umukate wabuze! unyigishe gukurikira amavuta, n,ukuyobora kwawe! Unyigishe guterura amaboko y,abarongozi banje na cane cane mugihe arushe, mu gihe aremerewe... Nanje ndasabira abarongozi bose iyo bava bakagera umutima wo gukunda intama zawe n,inkomezi zo gusubira gusanga petero ku kiyaga yibagiye kuroba abantu agasubira kuroba ifi...uduhe inkomezi zo gusangira ifi nawe tutamunena canke ngo tumugaye. Reka urukundo rwawe ruri muri twebwe Mana rusayangane rurase nk,izuba ryo muci... Twugurure amaso tubone ko abari kumwe natwe ari bo benshi kuruta abaturwanya, duhe kuvuga nka yoshuwa na kalebu duti koko igihugu Uhoraho aduhaye n,icamata n,ubuki kandi ibigatanya biriyo tuzobirya bwa mutsima! duhe ijambo rikwiriy mu kanwa kacu. Amen.
Posted on: Sat, 17 Aug 2013 19:11:47 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015