Mu nama nshingamateka abashikiranganj i 2,uw’umutekano - TopicsExpress



          

Mu nama nshingamateka abashikiranganj i 2,uw’umutekano n’uwintwaro yo hagati mu gihugubemeke kuri uyu wa 5, imbere y’abashingamateka ko bamwe mubagize imigwi imaze imisi ihungabanya umutekano bamaze gufatwa. Akarorero ngo ni muri Bujumbura Mairie, Mwaro n’intara ya Bujumbura, nubwo atabitigiri batanga. Abashingamateka ariko bashikirije amakenga menshi kubijanye n’umutekano. Bamwe mubashingamateka bemeza ko mubamaze imisi bahungabanya umutekano harimwo imisore yahora i Kiriba Ondes muri republika demokratike ya kongo. Ivyo ariko abashikiranganji bose baravyiyamiriza bakavuga ko muri rusangi umutekano wifashe neza.
Posted on: Fri, 21 Nov 2014 16:02:17 +0000

Recently Viewed Topics




© 2015