Muyinga : Ibindi biziga vy’abantu ku kiyaga Rweru Yanditswe - TopicsExpress



          

Muyinga : Ibindi biziga vy’abantu ku kiyaga Rweru Yanditswe taliki ya 11-09-2014 - isaha 13:30 na Egide Nduwimana Tweet Abarovyi bo ku kiyaga Rweru bamenyesha ko basubiriye kubona ibindi biziga bireremba ku kiyaga Rweru kiri muri komine Giyeranyi, mu ntara ya Muyinga. Ibiziga vyabonetse ni bibiri, kimwe kikaba cari gitekewe mu kamwanya, bikavugwa ko caje kiva mu ruzi Akagera. Ivyo biziga bibonetse inyuma y’ibindi vyaheruka gutorwa bireremba ku kiyaga Rweru, birimwo abantu gushika n’ubu utawuramenya abaribo, batorwa baboshwe, kandi batekewe mu magunira canke mu tumwanya. Kuva mu kwezi kw’indwi, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bamenyesha ko baguma babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshwe, bitekeye mu magunira. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, no ku ruhande rw’Urwanda bakaba babihakana. Impande zompi zimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura. Ivyo biziga bitorwa ku kiyaga Rweru gihana urubibe n’igihugu c’Urwanda biboneka bitekewe mu magunira, biboshwe imigozi ikomeye, hejuru hari amaraso, hamwe n’ibindi biba vyambuwe impuzu, nk’uko abarovyi bakorera kuri ico kiyaga Rweru babimenyesha. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya. Abo barorovyi bakamenyesha ko basubiriye kubona ibindi bibiri. Amakuru atangwa n’abo barovyi amenyesha ko ivyo biziga vyoba ari ivy’abanyarwanda, bitabwa mu ruzi Akagera ku ruhande rw’Urwanda, urwo ruzi narwo rugaheza rugasesa ivyo biziga mu kiyaga Rweru kiri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, mu gihugu c’Uburundi. Mu gihugu c’Uburundi, akarere kegereye ico kiyaga i Muyinga, bavuga ko ata muntu baraburira irengero. Abo banyagihugu bakagira amakenga ku magara yabo, kuko basanzwe bakoresha ayo mazi y’ikiyaga Rweru kimaze iminsi gitorwamwo ibiziga gushika n’ubu. N’aho abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bavuga ko ivyo biziga vyoba bitabwa mu ruzi Akagera ku ruhande rw’Urwanda, bigaheza bikisuka mu kiyaga Rweru, mu butegetsi mu Rwanda barahakana ko atari ivy’abanyarwanda. Theos Badege, umuyobozi w’igiporisi mu Rwanda yamenyesheje ko n’aho amatohoza akibandanya, ivyo bamaze gukora vyerekana ko abapfuye atari abo ku ruhande rw’Urwanda, kuko ata muntu n’umwe aratabaza avuga ko uwiwe yaburiwe irengero. ACP Theos Badege ati : Kugeza ubu nta nkuru n’imwe y’umuturarwanda waba waraburiwe irengero muri ako gace, yaba umuzima cyangwa se umurambo wabuze.
Posted on: Fri, 12 Sep 2014 05:58:45 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015