Samandari wa Mandaranga yabwiye umwami ati : - Mbega ko mbona - TopicsExpress



          

Samandari wa Mandaranga yabwiye umwami ati : - Mbega ko mbona udasambisha inkozi z’ikibi ? Umwami ati : - Uwakoze nabi nca ndamumenya. - Ubwo ntabazira akadodoberezo ? Erega burya na we nokubeshera cofata ! - Uragira ndabe ! Bukeye, Samandari wa Mandaranga ahumbira imiganda ayitwara ayicuritse. Abamubonye baramubaza bati : - Mbe Samandari ko utwaye imiganda uyicuritse ? Na we ati : - Nimukiye iyo ntashaka ! Aragenda, arashika n’ibwami, abwira umwami ati : - Mwami w’i Burundi, nshaka kwiyubakira agasago aho mw’irebe ! Umwami ati : - Inzu iraja mu yindi ? Samandari aramuhendahenda, amubwira ati : - Ni agasago gatoyi gusa. Umwami agondojwe, arateba aremera ati: - Ni wubake data ! Hanyuma Samandari wa Mandaranga azingazinga ka gasago, ashinga n’amashiga, aracana; umwotsi urafumbuka, urarenga n’ikare, urazibiranya ! Umwami ngo abibone ati : - Hewe sohoka . Samandari ati : - Oya sinsohoka, wewe cira inzu yawe, jewe ngira nturire rwanje ! Umwami ati : - Sigaho, sigaho, ingoro yoyaga ! Ivyo birasiba. Bukeye Samandari abwira Umwami ati : - Ndashonje ! Umwami ati : Ni bakubagire ikimasa ! Uwundi ati : - Oya nticonshikira nkiriho. Mpa utunyabutongo ni two tunyaruka ! Amweretse aho asoroma, Samandari arakubise inkono iruzuye, asutsemwo amazi, arabijemwo urubeya rumwe ati : “Sabwe, sabwe, sabwe”. Kandi atawumuhamagaye. Abwiye umwami ati : - Urandabira, uteko ucane. Jeho barampamagaye. Umwami ati : - Genda ivyo nti binanira. Arasohoka, umwami asigara acanye. Samandari agarutse, arapfundurura inkono, asanga za nyabutongo zahotse. Aritangaza ati : - Mwami w’i Burundi, sinasize inkono yuzuye, none inyabutongo zanje zagiye hehe ? - Ubwo urikeka ko jewe nakuririye inyabutongo ? - Ko nsanze inaga iri gusa, vuga uwundi yaziriye ! Umwami ati : - Namba ntunyambike ibara ! Mpfuma ndazikuriha. Samandari ati : - Mbega inyabutongo zanje ubona woziriha iki ? - Ndaguha inka zibiri . Samandari ati : - Inka zibiri nta co zomarira . Hanyuma ati : - Mwami w’i Burundi, ngira nkwereke ko ndi umusavyi. Ivyo ndabiretse mugabo ntuze usubire, kabiri karazirwa. Haheze iminsi Samandari ararika ngo acumbe. Ntacumvye, ahakurira irobe ku nkoko. Hamwe ashizemwo intoke ngo abege, asubira kwiyitabisha kandi ngo : “Sabwe, sabwe, sabwe !” Yiruka hanze, yimazayo akanya. Aragaruka. Ashitse yirabisha rya robe ati : “Ha !! Ibi vyo ndabe ko abiva imbere !” - Mwami w’i Burundi, ingo wirabire akamaramaza ! Umwami ati : - Eheee ! Samanda, ugira usubire kumbeshera ? - Oya, ubu hoho ngira ndabitware mu bagabo, wewe ubona udutoki atari utwo umwami ? Ubona izanje zisa zityo ? Umwami aramaramara ati : - Hora Samandari ntihagire uwuvyumva ! Ntumaramaze ngo hagire uwumva ko nakuririye agatsima ! Ndaguha ivyo ushaka vyose ! Samandari nawe ati : - Ugende umpe inka zuzuye akabande, unyubakire urugo, ushiremwo abungere babiri, wongere unkwere umugore, mpeze data nkuvire mu rwawe ! Umwami arabigira ga ! Samandari wa Mandaranga amaze gushika muri rwa rugo, aritora, arashengera, abwira umwami ati : - Mwami w’i Burundi, hamwe nakubwira nti, sambisha abaje kwicwa, ukagira ngo nta muntu yobesherwa, jewe ntubona ko nakubesheye bigafata ! None rero, kuva ubu, ba ubanza kubaza, ubone guhana uwagize nabi; ahandi ho, urabesheshwa. Kuva uwo munsi, umwami n’abagabo ni ho batangura gukubita intahe.
Posted on: Wed, 17 Jul 2013 00:49:08 +0000

© 2015