AMARIRA YURUKUNDO Igice ca 9 umwanditsi: Omar the - TopicsExpress



          

AMARIRA YURUKUNDO Igice ca 9 umwanditsi: Omar the Author Ahotwaritugeze: ***Uretse koyatangaje abari ngaho ,nawe nyene yaratangajwe nabo ahasanze, yariphuje ko yosubira inyuma, ariko abo ahasanze baba bamaze kumubona, yarasavye imana koyohindura umutaga ukaba ijoro ,ariko biba ntibishoboka, yarigaye, aricuza, yibaza impamvu yaje aho hantu,ariko abura uko yobigenza kuko yamaze kurugwamwo.Amaze kubona bose baratangaye, asubiza umugongo inyuma, harya atambutse kabiri, bose barahagurutse baza kumufata kugira ngo agaruke, ndetse bamuhe na kaze!!!!! TUbandanye: ***Jimmy we, habuze gato ngo yiruke ,ariko kubera yarafise isakoshi ntivyakunze maze abo yasanze kwa Gerant baba baramushikiriye. Baramuhaye ikaze maze aricara, ariko muriwe akabona umengo ariko ararota bivanye nukuntu yaguye mumutego wabantu atari yiteze. *** Niba warakurikiranye intango yinkuru yacu, ndaziko wewe usoma ufise ibibazo vyinshi ,murivyo ushobora kuba wibaza: Ngo baribande Jimmy asanze ngaho kwa Gerant? : hariho Gerant ubwiwe, hakaba hari umugore wiwe,bakaba baribicaye imbere yabashitsi. ngo abashitsi bari bande? : hariho Alida wamukunzi wa Jimmy wa kera, niba wibuka uwo Alida numukobwa wi Muyinga, yaje i Bujumbura ,aje kuraba umukunzi wiwe Jimmy, ariko kuberako yasanze Jimmy yahenzwe numuji, Jimmy ntiyamwakiriye uretse ko yamushinyagurije,maze amwereka ko atamuzi, Alida yaraburabujwe ,arabura iyaja, ariko imana iramufasha aronka abamuha indaro na cane cane ko atanumwe yarazi mugisagara ca Bujumbura ,uretse Jimmy! Hariho kandi umukobwa Mireille, nawe nyene akaba yariyatumiwe ngaho kwa Gerant,niba mwibuka Mireille,niwamukobwa akora muri BGF, ariko akaba yarashatse kobokundana na Jimmy,bikaba vyaranse! hariho kandi abakozi nka bose bakora muri BGF, ndetse nabo bakaba baribatumiwe.hakaba kandi hariho incuti nabagenzi buwo muryango wa Gerant. ngo baringaho kuyihe gahunda? : Mwibuka ko Gerant yariyahukanye numugore wiwe kubera Mireille, ariko kuberako Mireille yamubereye ibamba, akaba atashimye ko bokundana nuwo Gerant, vyabaye ngombwa ko Gerant asubirana numugore wiwe wa kera maze akareka kuguma azembagirika .akaba yariyabakoranije kugira asabe ikigongwe kumugore wiwe, ndetse nokumuryango muri rusangi. Ngo ninde yahuje Mireille,Gerant,numugore wa Gerant?? :Uwabahuje numugenzi wa Gerant mphaphe, akaba arinawe yabaye parrain kubugeni bwabo, bikaba vyaramugoye kugira ahuze umugore wa Gerant hamwe na Mireille ,na cane cane ko uwo mugore wa Gerant ,yariyamaze kumenya ko Mireille afitaniye imigenderanire ikomeye numugabo wiwe!ndetse anamenya ko Mireille nyene ariwe yatumye urugo gwabo rusambuka. uwo mugenzi wa Gerant ,vyaramutwaye umwanya, gushika yaho bimutesha nakazi kiwe, ariko arateba arabahuza, nuko Gerant aratahura ko yahemutse, hama yiyemeza ko atazongera. Mireille,nawe nyene yaratahuye ko yakoze ikosa ,maze atahurako urukundo rwo kunguvu (rwagahato) rutabaho, nuko yigira inama yogukora uko ashoboye kugira asabe imbabazi abo bose boba bamwiyumvira uko atameze.akaba ariyompamvu yaje kwa Gerant kugira atangurire kumugore wiwe, maze amusabe ikigongwe ,hama babandanye nubuzima uko bisanzwe. kuberiki Alida yaje muruwo muryango?~: Igihe umugore wa Gerant yirukanywe munzu, ntahandi yagiye gusaba indaro uretseko yagiye kwa mwenewabo mu Ngagara, uwo mwenewabo akaba yarapanze inzu hamwe na Alida ,bakaba baba murupangu rumwe ,ariko inzu zikaba zarizitandukanye.kuberako Alida afise umutima mwiza ,ndetse akaba yitaho cane ababanyi, vyaratumye baba abagenzi birenze kuburyo yaho umugore wa Gerant ,yamwizeye cane ,ndetse muri ayo mezi baribabanye bakaba baribamaze kugiriranira amabanga menshi. bisigura ko Alida hamwe numugore wa Gerant,bari abagenzi bashika bimwe bitagereranywa.niyompamvu Alida mwuwo mubonano udasanzwe yari yahishikiye. ****Urubanza nyezina rwaratanguye,amajambo arashikirizwa, umwe wese arakeza umuryango wa Gerant kuba bagiye hamwe. Gerant yarashimye bimwe bivuye kumutima,eka asaba imbabazi umugore wiwe, ndetse yiyemeza ko atazosubira kuhunahuna(guca inyuma umugore wiwe). Nuko bose bakoma amashi .. ^>
Posted on: Fri, 01 Aug 2014 09:44:32 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015