*UGUKORERA ICIZA NKURUNZIZA NI UGUKORERA - TopicsExpress



          

*UGUKORERA ICIZA NKURUNZIZA NI UGUKORERA ZABERA(Ubusa)* *JEAN-PETIT NDUWIMANA YITURWA NA NKURUNZIZA* -Major Jean-Petit Nduwimana,yari umukuru wimbonerakure za Cndd-Fdd ku rwego rwigihugu akaba numutegetsi wibiro vyiperereza ryUburundi,yamariye iki Nkurunziza bakiri ku rubuga rwintambara? -Ku bibuka uwo musi,wabaye mubi kandi muremure ku bagwanyi ba Cndd-Fdd,aho hariko haba inama mu kibanza kimwe mu vyari mu minwe ya Cndd-Fdd,mu ntara ya Bubanza, Indogozi nkurunkuru zivyagiye mu kazu gasakajwe ivyatsi bita(paillote),harimwo Houssein Radjabu na Petero Nkurunziza,abagabo 2 bari bagwaje reta ya Bujumbura yico gihe. -Umutekano warukwiye,iyo nzu yari ikikujwe nimizingi ishika ku 8 yabasirikare ba Cndd-Fdd,yari imeze nkamabariyeri,niho abari bahari bagwa igihumura bivuye kwibombe yatewe kuri ya nzu yarimwo indongozi ziri mu nama. -Havamwo abahasiga ubuzima,abakomereka nabashwiragira kuko vyabaye giturumbuka.Mu bakomeretse bikomeye harimwo Petero Nkurunziza,ivyatesheje umutwe Radjabu kuko mu nteguro yarafise kwari uguserukana Nkurunziza nkumucandida wa Cndd-Fdd,ari navyo yashimiye Imana ko yabigezeko naho bitamworoheye kuvyumvisha abo bari basangiye urugamba. -Ico gitero caratumye abagwanyi bamwe basubiranamwo kuko vyabonetse ko hari uwatanze inkuru muri reta kandi ari mu bari ngaho,bituma ukwizerana bigabanuka naho hageragezwa ivyo gusukamwo mabisi nukugarukana ihumure. -Radjabu amaze kubona aho Nkurunziza yaguye,agasanga yakomeretse cane,yamukuye muri ico kibanza amukwega ipantaro,ukundi kuboko gufashe umuheto,amwigiza kure yaho,ahantu hameze nkumugazo,abikora mwibanga ntangere kuko mu bariko bararasa bagwanako indongozi vyamenye bake kuko vyari bizwi ko INKUBA ya Cndd-Fdd(Hussein Radjabu) na Nkurunziza bahasize ubuzima kubera aribo baronderwa. -Kugira iyo ntambara ihumure,vyasabwa ko basanzara,ico kibanza bakakivamwo,kandi bakagenda mu migwi itandukanye. -Abaraho,igikorwa cari kituraje ishinga,kwari ukwigiza kure bishoboka Radjabu we twasanze ari muzima,ariko kubera atashaka ko bimenyekana aho Nkurunziza ari ntihagire abamutwara ubuzima,Radjabu ahisemwo Jean-Petit,amusaba ko yoguma hafi ya Nkurunziza,kandi ko ahawe uruhusha rwo kwivuna uwo wese aza kuza agana ico kibanza,gushika Radjabu agarutse. -Haraheze imisi ubuzima bwa Nkurunziza buri mu maboko ya Jean-Petit,gushika aho Radjabu yagarutse kuraba ko yoba agihema,haca havuka ikibazo cukugene amutwara kwa muganga kuko vyasaba ubuhinga budasanzwe bwo kumuvura. -Kubera bahigwa,ntiyari ku muvuza i Burundi,Radjabu yafashe ingingo yo kumwijanira kumuvuza muri Congo,amutwara mu mugongo,icatweretse ko batari abagenzi gusa ahubwo bari abavukanyi. *NKURUNZIZA YITUYE ATE JEAN-PETIT? -Hari amakuru yibihuha yavuga ko Jean-Petit yoba yatumwe gukorana nimigwi igwanya reta ya Bujumbura iri muri Congo,gushika birashikira Nkurunziza nawe amutuma bansimusiga bo mu biro vyiperereza. -Kubera yari ku butaka bwikindi gihugu vyasaba ko babicisha ku nzego zumutekano za Congo,nabo baramufata kuko bari bemerewe agahembo kimiriyoni umunani(8.000.000),umuryango wiwe uvyirutsemwo abari bamufise muri Congo bawusaba gutanga amafaranga angana nayo iperereza ryari ryemereye abamufashe,ni ukuvuga za miriyoni 8. -Umuryango wa Jean-Petit waragerageje ariko imisi bahawe ihera batarayaronka,maze iperereza riramutahukana.Bamaze kubona ko yabananiye kugira ico bamukuyemwo kijanye ninkuru bashaka,bafata ingingo yo kumwica ariko Nkurunziza abasaba kumucana iwe ngo amubaze irya nyuma kuko niwe yarashoboye no guhagarika iyicwa rya Jean-Petit. *IKIGANIRO CA NKURUNZIZA NA JEAN-PETIT -Nkurunziza:Kijana,urabona ko ibintu bikomeye,mbwira rero ivyo nkeneye kumenya. -Jean-Petit:Nyakubahwa,murazi ko jewe nahora ndi umwarimu muri Congo,poritike narahevye kuva aho mboneye biyangaye.Ahubwo nashaka ndabasabe munkure mu vyara vyaba bantu kuko ni mwebwe mufise ijambo rya nyuma.Mubinkorere nkuko nanje nabafashije mutama Radjabu yabansigaranye umusi badutera ibombe. -Nkurunziza:Ivyo ni bito,niwemera ukampa amakuru yose ya Radjabu,ivyo muvugana nivyo ategura gukora,ubimbwiye nca ntanga itegeko witahire amahoro. -Jean-Petit:Nyakubahwa,nkuko nababwiye,jewe poritike narahevye,na Radjabu sindanaronka akanya ko kuja kumusuhuza mu mpimba. -Nkurunziza:Basi ko ivyo uvyanse,ndafise umugambi wa 2 wo kurementaniriza Radjabu ko ariwe ariko yegeranya abagwanyi twasize muri Congo twahaye izina ryabafnl,kandi ko ari we ariko ateza indyane muri Cndd-Fdd kugira atemagaze reta,wewe rero uzoja ahabona uvugire ku maradio ko uri mu bamufasha uyo mugambi,abagumyabanga bari inyuma yiwe bazoca bavyemera vyoroshe kuko uri mu bantu bazwi ko bizewe nawe. -Jean-P:Nyakubahwa,ntemeye ubuki ntegeka,naho nokuzanira abandi ba Jean-Petit 5,Radjabu ntitwomushobora kuko namwe muramuzi mwabanye igihe kitari gito. -Nkurunziza:Kijana,ko wanse vyose,nanje ntaco ndagufashije kuri abo bakurindiriye aho hanze,ico bateguye kiraba. -Baca barasohoka,Nkurunziza ababwira ko bobandanya integuro bafise.Niho bamujana baja kumutsinda mu Rukoko,ajanywe numugenzi yari afise Général-Major Évariste Ndayishimiye na Kazungu wiperereza. **ICIGWA IVYO VYASIGIYE ABITWA KO BACUDITSE NA NKURUNZIZA -Benshi bakubiswe ninkuba kubona Nkurunziza atanga ubuzima bwa Jean-Petit bukagenda ariwe yarashoboye ku mutabara nkuko nawe yamukingiye ari indembe. -Ivyo vyerekanye ko Nkurunziza ari nkinzoka yo munda,ata numwe yoshira agati mu ryinyo ngo aratonye iwe kuko atawoza akora ineza nkiyo Jean-Petit yakoreye Nkurunziza,ariko akabirenzako uruho rwamazi akamuta mu vyara vyingwe. ***UTUBAZO TWUBWENGE ¹-Ko Jean-Petit yarafise incuti nabagenzi benshi,vyaranse ko hari abitanga kugira ubuzima bwiwe burokoke mu gutanga izo miriyoni umunani(8.000.0000) zari zasabwe? ²-Ko twama twumvise abagandaguwe,Jean-Petit vyari ngombwa ko abanza kujanwa imbere ya Nkurunziza aherekejwe nabagenzi biwe?(Nta mpamvu?) ³-Ko ikibanza bivugwa ko yiciwemwo akanahambwamwo cari camenyekanye,harabuze abomutera iteka bakamuhambana iteka mu bibanza bizwi? ****Ku wufise amatwi ni yumve kandi uwufise umutwe yiyumvire,poritike yUburundi irakomeye bitewe nuko abarundi tugoye,imitima ibitse amabanga menshi, -Nkurunziza aragaba ntabe yabonye abaraho amatwi ngo ni imbeba,abagaya imbaga nabo bamugaya intege, -Ejo hatubikiye ibitangaza vyinshi,uwuzohashika azokwihera ijisho.......
Posted on: Fri, 08 Aug 2014 16:10:09 +0000

Trending Topics



b>
ปากกาอัจฉริยะ 3 ภาษา
https://facebook/events/655394401152064/ °˖✧ °˖✧ °˖✧
If you can click a mouse, you can earn with us! The answer is

Recently Viewed Topics




© 2015