Leta y’u Burundi yatangaje yuko igiye gukurikirana Rwasa ku - TopicsExpress



          

Leta y’u Burundi yatangaje yuko igiye gukurikirana Rwasa ku bgicanyi aregwa bgahitanye impunzi z’Abanyamurenge mu Gatumba Yanditswe na Ruhumuriza Semandwa Ku minsi 12/09/2013 Ifoto (Internet): Agathon Rwasa BURUNDI (BBC/FRI/AFP) - Umuvugizi w’umushinjacaha mukuru wa Leta y’u Burundi yatangarije abanyamakuru yuko ubutabera bg’u Burundi bugiye gukurikirana ibyaha Agathon Rwasa aregwa byo kwica impunzi z’Abanyamurenge zari mu maboko ya LONI mu nkambi yo mu Gatumba mu mwaka wa 2004. Nyuma y’aho Rwasa atangarije mu minsi ishize yuko afite ubudahangarwa ahabga n’Abarundi nk’umwe mu bantu bahoze mw’ishamba, ubutabera bg’u Burundi bgatangaje yuko hariho ibyaha ubgo budahangarwa budakingira. Ubutabera bgo mu Burundi kandi bgatangaje yuko ikirego kirega Agathon Rwasa na FNL-Palipehutu catanzwe n’Abanyamurenge mu mwanya wa 2010. Ubu noneho ngo bukaba bugiye gutangira iperereza ku mugaragaro. Aganira n’abanyamakuru mu Burundi uyu munsi, umuvugizi w’ubutabera mu Burundi Agnes Bangiricenge yatangaje yuko ubudahangarwa Rwasa afite butamubuza gukurikiranywa ibyaha birimo jenoside, ibyaha byo mu ntambara, n’ibindi nkibyo. Nkuko byatangajwe n’umunyamakuru wa BBC, kugeza ubu nta makaratasi yo gufata Agathon Rwasa arasohorwa na Leta y’u Burundi. Aracari i Burundi kandi aherutse gutangaza yuko atazongera guhunga igihugu ce uko bizaba bimeze kose. BBC yagerageje gushakisha Rwasa kugira ngo agire ico ayitangarije, ariko ntiyashoboye kuboneka. Nyuma yo gutanga ikirego kw’Abanyamurenge mu mwaka wa 2010, bongeye kandi kugitanga ku minsi 13/08/2013, ubgo hibukwaga izi mpunzi ku ncuro ya cenda. Ikindi kintu kitazabura kuvugwa muri uru rubanza nuko Abakongomani bo mu yandi moko ndetse n’Abahutu b’Abanyarwanda bafashije FNL kugaba iki gitero. Tubibutse yuko Rwasa wigeze kuyobora FNL-Palipehutu afite imyaka 49. Abantu batari bake bari baza niba na Pasiteri Habimana azakurikiranwa muru uru rubanza, dore ko ari wari umuvugizi wa FNL-Palipehutu. Mu mpera z’ukwezi k’umunani uyu mwaka, Abanyamurenge bakoresheje inama y’abanyamakuru mu Burundi kubijanye n’iki kibazo. Muri iyi nama yabereye i Bujumbura, yari irimo Me Moise Nyarugabo kuva i Kinshasa. Nkuko tubikesha i radiyo mpuzamahanga y’Abafaransa (RFI), muri iyi nama Nyarugabo yagize ati, “Niba hari umuntu wibgiye yuko iki kibazo kizibagirana cangwa kigahambga, ndibaza yuko uwo muntu yibeshe. Ntituzaceceka, tuzakomeza kugeza ubutabera bubaye. Turizera yuko noneho ubu ari byiza, turashaka ko iyi Leta [y’u Burundi] itwumva.” Tegera ibyo Rwasa yatangarije RFI ku minsi 22/08/2013 ku bijanye n’iki kibazo ku IMURENGE.COM: imurenge/readnews.php?id=999
Posted on: Fri, 13 Sep 2013 00:45:36 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015